09/11/2023
🙄 "I Muyinga kera wahabona ama V8, ariko ubu huzuye ama probox"
🤔 Umwanditsi wa Yaga yaratubarije ico iyo mvugo isobanura n’igituma abantu bakunda kuyikoresha.
☺️ Bamwe mu banyagihugu bo ku murwa mukuru wa Muyinga basiguye bino bikurikira :
🤷🏽♂️ J.M, adandaza muri iyo ntara agira ati : “Iyo mvugo ni ndenzarugero ariko niyo. Kera, nko mu myaka y’2010, ng’aha i Muyinga abantu bari bafise amafaranga cane. Benshi muri abo bari abacukura inzahabu. Bari batunze mu buryo busiga ubwenge”.
🤭 Ngo uwuguye ku nzahabu wabibonera mu bintu bitatu : “Ubwa mbere yaca agura urupangu. Ubwa kabiri yaca arongora. Iyo afise umugore naho, yaca amuharika. Ubwa gatatu yaca yinezereza, akagura imodoka izimvye, akama mu birori yongera asororera abagenzi” 🍻
✈️ Uwo mudandaza yatubwiye ko “mwene abo bacukura inzahabu, iyo yayiguyeko, wasanga afata indege akaja Dubaï agiye kugura impuzu yambara agaca yigarukira. Muri "week-end" hoho yumva ashaka gusohoka, yaca afata indege akaja i Nairobi, akamarayo imisi mike agaca yigarukira” 💁🏾♂️
🙎🏾 S.N, aba muri iyo ntara wewe yunganira ati : “Naho ubu ibijanye n’inzahabu biri mu minwe ya Reta, kera vyari mu minwe y’abigenga. Ivyo vyatuma umuntu ashobora gutunga mu kanya isase. Yakira kugwa gusa ku nzahabu” 😉
😅 Abahatomboreye si bake. L.N, umwe mu rwaruka aba aho nyene ku mugwa mukuru wa Muyinga, yigana ingene “umudandaza w’inzahabu yashika mu kabare akavuga ko inzoga zose aziguze, gutyo aba jeunes baho bagahamagarana vuba vuba babwirana ahari iza gusa” 😊
🤔 Ngo mwene abo bantu rero iyo basesaguye amafaranga, harya babona ko agira abaherane, baca bagura probox ibinjiriza kubera i Muyinga zirakora cane. Muyinga ihana umupaka na Tanzaniya, haguma hari uruja n’uruza rw’ibidandazwa.
✍🏾 Muri kino gisomwa : https://shorturl.at/dguxM, umwanditsi yaragarutse ku kuntu abacukura bahora babwira abaganga n’abigisha bati : “Uwataye umwanya ni inde ?”, bagaca bishura : “Ni uwize amashure” 😟
✅ Ibijanye no gucukura ubutare vyashizwe mu minwe ya Reta kuva muri Nyakanga 2018.
Musomyi, iyo mvugo wari umaze kuyumva nawe ?