BÄYÄG STÖRŸ

  • Home
  • BÄYÄG STÖRŸ

BÄYÄG STÖRŸ Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from BÄYÄG STÖRŸ, Cinema, .

14/06/2024

❣️SOMA WITONZE ❣️

💞Mubuzimaa tubamwo bwamisi yose uyumusi nobwita karubuzima bwamabesho gusa aho uyumusi ibintu vyose bikorwa nko kubarana bitavuye muvyoo twiga ahubwo biturutse kwisi yamabesho tubayeko uyumusii

💞 Nakuze bambwira ngo umuntu mwiza ameze uku umuntu mubi ameze uku nkavyizera ariko maze gukura nkasanga nawamuntu yabinyigisha ntavyo yaratahura kuburyo vyagez aho bincanga kubera ko nasanze atarivyoo bivanye nivyo mbona muti gute
cank objectif aba agushakako igatuma yigira ico atari, uyumusi harabantu beza kuritwebwe tutazi,haribeza kuri twebwe tuzi,haribeza kuritwebwe tuzi ariko ivyo tuzi atarivyo,hariho babi kuri twebwe tuzi,hariho babi kuritwebwe tuzi ariko atariko kuri muyandi majambo ubuzima buracanga cangaa

💞Ndababwiye ko burya naje gusanga umuntu adashobora gukora ibibi gusa cank ivyiza gusa ahubwo bitegwa naho wabikoreye muti gute?
Ushobora kuba ukora ibibi aha ariko ivyo bibi ukora bikaba bibera ivyiza abandi ahandi,harigihe ubuzwi nabi ahuba ariko uzwi neza ahutaba ivyo vyanyerets ko milieu dukoreramwo ivyo bintu arivyo biba bitandukanye
Ikindi kand nuko ushobora gukora ikintu wibaza ko ariciza ariko kikirwa nabi nabantu,cank ugakora ikibi wibaza ko arikibi ariko abandi kikababera iciza

💞Izuba iyoo ridaserutse ryari rizwi ko riseruka riba ritengushe abantu bari baryiteze nukuvuga riba ritakaje icizere kuri wamuntu yarafise: impuzu yanikira azokoresha,ubududu yarikwanikira agasyesha,inkono zarikwanikirwa ngo ziturirwe,inkwi zarikwanikirwa ngo zicanwe,..... Rero ico cizere gitakara nokubantu nukoo (nzobisigura ubutaha)

💞Vyinshi twibaza harivyukurii ndets harinamabesho tubeshwa kugira bene kutubesha baronke inyungu,abantu bubu hogufata umwanya ngo dusesangure ivyo tubeshwa ahubwo dufata umwanya wokwisuzugura tukumvako ivyo tutabikwiye ahubwo bifis abo vyagenewe .....
Ntiwibagire gukora partager
BÄYÄGÄ STÖRŸ NDABAKUNDA CANE

12/06/2024

🫰🏾 Ku ncuro igira kabiri abaririmvyi ba kera n'ab'ubu bagiye guhurira mu giteramo "Old Music Event"
---------------
🎶 Ico giteramo kizoba kigizwe n'indirimbo za kera cane zaririmbwe guhera mu mwaka wa 1960 gushika muri 2005, kikazoba ku wa 4 Myandagaro 2024 kiriko gitegurwa n'ishirahamwe ry'abakenyezi ritunganya ibiteramo ryitwa "Posse woman's" mu ntumbero yo kugarukana akanovera k'indirimbo zabiciye biracika aho ha mbere hahise, nk'uko vyashikirijwe mu kiganiro catanzwe n'iryo shirahamwe ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa 12 Ruheshi 2024

🔥 Nk'uko Gretta Kwizera arongoye iryo shirahamwe abivuga, bipfuje gusubira gutegura ico giteramo co gusangiza Abarundi n'abanyamahanga umuziki w'aho ha mbere kubera ko hari Abarundi benshi, cane cane abari mu mahanga, batashoboye kuronka akaryo ko kuba mu giteramo ca mbere, ndetse ku baririmvyi 11 ba kera na 13 b'ubj bitavye giteramo ca mbere, bakaba barondeyemwo abandi kugira bizobe biryoshe kurusha

🎻 Nk'uko yabandanije abishikiriza, abaririmvyi nka Ciza Sylvestre yamenyekanye ku ndirimbo "Amabaruwa" , Roza yamenyekanye kuri "Ndavuga simvura", Riberiyo yamenyekanye ku ndirimbo "Ukubana si ukujandajanda", Afrika Nova, Mijuriro, Cédric Bangi n'abandi benshi... abo bose ngo bariteguye cane kuzoza kuryohera no kwibutsa utwo turirimbo twabo twakunzwe cane hakoreshejwe ibicurarangisho k**a

👏🏿 Cédric Bangi, umwe mu baririmvyi batanguye kuririmba imbere y'umwaka wa 1990, arashimira abo biyumviriye gutegura ico giteramo kuko abaririmvyi ba kera basa abibagiwe ndetse bamwe basigaye bari no mu buzima atari bwiza kandi indirimbo zabo ziguma zicurarangwa ku maradiyo, kubwiwe agasaba ko boshigikirwa kugira ngo babone ko ivyo bakoze bicibukwa

☺️ Ni utuhe turirimbo twa kera wakuze wumva tukudigadiga k'umutima ?

BÄYÄG STÖRŸ TURABAKUNDA CANE Elphazgram Landrypromoter Bdi ANDY DOSTY BÄYÄGÄ STÖRŸ BÄYÄGÄ STÖRY�(Inkuru z'urukundo)

12/06/2024

❣️❤️💞IBINTU 5 WO KWIRINDA KUGIRA URWIZE AMAHIRWE YO KURONKA URUKUNDO RW'UKURI

Ikintu ca mbere conona, ni ukurondera uwugukunda utabanje kwikunda. Irinde guca ku biti no ku mabuye urondera uwogukunda kandi na wewe ubwawe utikunda uko bikwiye. Abahinga bavuga ko umuntu ategerezwa kibanza kwikunda imbere yo gukunda canke gukundwa. Menya rero kwikunda kuko utikunze ntiwokwizera gukundwa n’uwundi. Ni waba ukeneye uwuzogufata neza, tangura wifate neza. Ukaba ukeneye uwuzokwubaha tangura wiyubahe na kare ngo “Ntawuterwa Iteka Atekeye mu vyatsi”.
Naho biri uko uzokwikunda uko ushoboye ariko ntuziyuzuza. Aho rero uzoce urondera uwugukunda kugira mwuzuzanye.

1❣️KWIHUTA KURONDERA URUKUNDO.

Reka kwiruka urondera urukundo nk’uwurondera umudari mw’ihiganwa ryo gusiganwa. Genda bukebuke kuko ntugira usigwe n’indege. Reka kwigereranya n’abo mungana bubatse ngo bitume ujana nyabahururu. Umwe wese afise igihe ciwe. Nakare ngo "Vyerera Igihe Ntivyerera inzara" Kandi ngo Kuzinduka cane siko gushika kare".

Ha umwanya ibigikeneye gukura muri wewe uronke ubumenyi buzogufasha kwubaka urwawe. Mu bituma ingo zisambuka, harimwo kwihuta kwubaka. Abasokuru barayamaze bati “ Uwitonze amira ibinoze ”

2❣️Gushaka ivyo utoshobora gutanga.

Uwo wipfuza ko mukundana yoba ameze gute ? Ushobora kuba wipfuza umuntu akunda gusenga, yitonda, akundana, akunda akazi. Eka afise n’izindi ndangagaciro. Ni vyiza cane ndakwipfurije kumuronka. Ariko banza wisuzume urabe nawe uko umeze. Ni wasanga umeze ugutandukanye n’uko uwo wipfuza ko mubana yoba ameze ugerageze guhindura ube nk’uko umwipfuza. Utitonda naho woronka uwitonda yoteba agahinduka kubera wewe. “Mu rukundo uwudatanze vyose ntaronka vyose”. ibi vyavuzwe na imbere yo kwongerako ati : “Ntawushobora gutanga ico adafise .”

3❣️Kwinyegeza

Reka kuba agatinyashengero. Kutaja ahabona si vyo bizotuma uronka umukunzi wipfuza. Kuguma mu nzu imbere y’imboneshakure, imashini nyabwonko canke ngendanwa uraba ivya hafi n’ivya kure ntibizotuma ukundwa. Kira noneho, ntawogukunda atakubonye.

Reka kugira isoni z’abakubona. Ambara usohoke. Mara imanza. Ja mu makoraniro y’abantu benshi. Ariko nturenze urugero kuko na ho nyene kwoba ari ukwiyararaza. Bikore ku rugero ruri hagati na hagati ntiwame mu nzu kandi ntiwame ku nzira. Ni wabikora gutyo, uzoba ugwije amahirwe yo guhura n’umwe ufise mu ndoto zawe.

4❣️Kwiyorobeka

Ni waba wipfuza urukundo rw’ukuri, hagarika kwiha ishusho itari rwawe. Reka kwambara impuzu zikwerekana ukundi ku mubiri, kwisiga amavuta aguhindurira urukoba canke kwambara ibirato bikwongerereza uburebure udafise, n’ibindi.

Reka guterwa isoni n’uko usa, uko ureha, uko utambuka canke uko utwenga. Nta muntu n’umwe adafise utunenge nk’uko bivugwa n’umuhinga mu vy’inyifato . Ni wigira ico utari, uwuzogukunda azovyicuza amaze kubona uko uri. Ariko ni wemera ico uri, uzoronka uwukigukundira. Kira noneho “ Utunenge tuvyibuha aho urukundo rwonze ” uyu ni umugani wabarusiya.

5❣️wibuke gukora partager na follow BÄYÄG STÖRŸ NDABAKUNDA CANE

10/06/2024

❤️💞MUSORE,KORA BINO BINTU 11 NIMBA USHAKA KUZOGUMANA N'UWO MUKOBWA MUKUNDANYE

1.❣️ Ntugume umusaba ngo muryamane kiretse nimba wakundanye n'indaya.

2.❣️ Muhe ukwisanzura,reka kwama umucunga ubonye nuwaramukije uca wishavuza...

3.❣️ Mutege amatwi ariko arakubwira ikintu apana kuguma wibereye muri terefone canke muma sylabus.

4.❣️ Irinde kumwemerera ivyo utoronka nivyiza kowokwihorera hako umwemerera ivyutari buronke.

5.❣️ Ntukigire ingumyi sivyiza kwama uramwereka kwatacufise misi yose zuramusohokana basi rimwe rimwe abone kuzoshobora urugo.

6.❣️ Mwiteho bikwiye kandi umenye kwitaho umuntu kwatarikumuha amahera gusa, ntuzohengere ari mungorane nguce wirabira hirya.

7.❣️ Zuramwibutsa kwarimwiza ntugashime abandi bakobwa murikumwe.

8.❣️ Zuramwibutsa kumukunda.mumwanya wa nyawo.gutyo biboneke ko nawe umwitayeho.

9.❣️Zuramukinisha kuko muri murukundo ntimuri mugisirikare.

10.❣️ Ntugume kandi ntiworohe kuko woroshe cane ucika ikijuju ugumye cane ugacika igisazi🤷🤷...

11.❣️Kunda abavukanyi biwe wubahe nabavyeyi biwe.

12.Twaragize ikibazo kuri page yambere mukore follow kuriyi nshasha.

Kora hama wirenganire.

BÄYÄG STÖRŸ TURABAKUNDA CANE

09/06/2024

❤️INKURU Y'URUKUNDO 💕 umukobwa acitse amaguru yose PART 3 nturengane udakoze partager kuri ino page nshasha kuko iyambere iri mubihano.

Address


Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when BÄYÄG STÖRŸ posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

  • Want your business to be the top-listed Cinema?

Share